5.5 C
New York
Wednesday, January 27, 2021
Home Burundi Ubushikiranganji bw'umutekano bwerekanye uwagirizwa guturira umuntu abona

Ubushikiranganji bw’umutekano bwerekanye uwagirizwa guturira umuntu abona

Mu gatondo ku kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 6 Ntwarante umwaka w’2019, ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza bubicishije ku muvugizi wabwo OPP1 Petero Nkurikiye bwerekanye umuntu yagirizwa guturira umuntu abona muri zone nyakabiga mu gisagara ca Bujumbura mu myiyerekano yo mu mwaka w’2015.

Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji yasiguye ko uwo mugizi wa nabi azwi ku mazina ya Ntakirutimana Célestin ari we yiyemerera ubwiwe ko yatanze itegeko ryo guturira umuhisi Léonidas Misago. OPP1 Pierre Nkurikiye yaboneyeho akaryo ko kumenyesha ko yaba ababatumye canke abakoze amabi mu myiyerekano yo mu mwaka w’2015 bazobandanya baronderwa bashikirizwe ubutungane.

Ntakirutimana Célestin akaba yaheruka gufatwa n’abajejwe umutekano kw’igenekerezo rya 20 Ruhuhuma uwu mwaka.

Must Read

Inyuma y’ubugeni bwa Kigingi ngo n’ukwerekeza muri Canada

0
  Umukunzi wa Kigingi yabajijwe ibibazo bitari bike ku rubuga rwiwe rwa Instagram. Muri ivyo bibazo, hagumye hagarukamwo ikibazo c’urukundo rwiwe na Mugenzi Aubin benshi...