5.5 C
New York
Sunday, April 11, 2021
Home Esther Nish Primus league : Bwabaye ubwa mbere Aigle Noir itahukana igikombe

Primus league : Bwabaye ubwa mbere Aigle Noir itahukana igikombe

Umugwi Aigle Noir wo mu ntara ya Makamba wakoze amateka utari bwakore .

Hari kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 6 Ntwarante umwaka wa 2019 , isaha indwi 13h00 z’umuhingamo ku kibuga c’i Gitega citiriwe ingoma aho umugwi Aigle Noir w’i Makamba wakira umugwi Olympic Star.

Urwo rukino rukaba rwarangiye Aigle Noir utsinzwe na Olympic Star ibitsindo 3 kuri 2, naho Aigle Noir yatakaje urwo rukino ntivyayibujije gutahukana igikombe ca Primus league ku ncuro ya mbere bivanye n’uko umugwi Musongati Fc nawo nyene wari ufise urukino isaha icenda 15h00 ku kibuga citiriwe ingoma waciye unganya na Flambeau du centre igitsindo 1 kuri 1 ivyaciye bituma Aigle Noir ihabwa igikombe aho nyene i Gitega n’ihiganwa ritarahera.

Musongati Fc ukaba uri mu kibanza ca kabiri ukaba usigaje gukina inkino zine za Primus league co kimwe n’iyindi migwi naho Aigle Noir yotsindwa inkino zose zine isigaje ntamugwi n’umwe wari kuyihagarika gutwara igikombe ca Primus league .

Aigle Noir ikaba yahawe igikombe ifise amanota 61 mu nkino 26 mu gihe Musongati Fc uri mu kibanza ca kabiri n’ amanota 48 mu nkino 26 umaze gukina.

Must Read

Les Jumeaux Music Club : Apprendre comment devenir boss de soi-même

0
Au moment où le marché du travail devient de plus en plus rare et que certains lauréats des universités tant publiques que privées gardent...