
Hadhara Charles Mjeje ni umupfasoni w’umutanzaniyakazi afise abana b’abahungu babiri biga amashure, akaba amaze igihe kitari gito azunguruka Afrika nzima yerekana impano yiwe ijanye n’ugukina umupira « jongleur » mu kinyamazuru.
Uwo mupfasoni amenyesha y’uko iyo mpano yiwe ariyo imufasha kugaburira abana biwe babiri na rirya ariwe abatunze wenyene kuko atakiri kumwe na se wabo. Amasanamu amwerekana ariko arakina ako gapira akaba abica bigacika ku mbuga ngurukanabumenyi gushika n’aho umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump amutera intege mu kugira bimwe bita « Retweet » ya video yiwe ikurikiwe n’akajambo « amazing ».
Abantu batari bake bamaze kubona impano uwo mupfasoni afise bakaba bibaza ko yoba akoresha imiti yamara we arabeshuza abiyumvira ivyo abamenyesha ko ari impano yiwe afise kuva akiri muto agikina mu murwi w’abakinyi b’umupira w’amaguru b’abigeme.
Hadhara Charles Mjeje akaba amaze kuzunguruka ibihugu bitari bike vyo muri Afrika harimwo Uburundi, Mozambique, Cameroun, Kenya, Gabon, Malawi n’ahandi.