5.5 C
New York
Tuesday, May 18, 2021
Home homepage Jules na Steeve baraye bafashije imigwi yabo kunganya

Jules na Steeve baraye bafashije imigwi yabo kunganya

Abakinyi babiri b’abarundi baraye bakoze ibikora inka.

Kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya 08 Ntwarante umwaka wa 2019 umugwi Rayon Sport wari waramutse wakira Bugesera Fc mu rukino rw’indwi ya 20 y’ihiganwa ryo mu Rwanda, urwo rukino rukaba rwarangiye iyo migwi yompi inganije igitsindo 1 kuri 1.

Ulimwengu Jules na Steeve Nzigamasabo nibo baraye bafashije iyo migwi yabo kunganya kuko Steeve Nzigamasabo ariwe yatanguye gutsindira Bugesera Fc igitsindo ku munota wa 18 w’urukino kiza kugomborwa na Ulimwengu Jules ku mumota wa 76 w’urukino ndetse aranahusha na Penariti yatumye Rayon Sport itarara mu kibanza ca mbere .

Mukamenya y’uko Rayon Sports iri mu kibanza ca kabiri hamwe n’amanota 44.

Must Read

Basket : Les amis yatwaye igikombe ica ikatisha itike mu cicaro...

0
Kuri uyu w'Imana niho mw'ishirahamwe rya basket ball mu gisagara ca Bujumbura hasozerewe ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri , urukino rwasozereye iryo higanwa...