
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryamaze gushira ahabona ibiciro vyo kwinjira kurorera urukino rwo kurondera itike yo gukina igikombe ca CAN U 23 ruzohuza Intamba mu rugamba na Congo Brazzaville ruzoba ku musi wa gatatu igenekerezo rya 20 Ntwarante isaha icenda 15h00 ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore.
Uku niko ibiciro bimeze:
- Ku mpande z’ikibuga : ni amafaranga igihumbi 1000fb
- Mu bwugamwo bw’iteka A na D: ni amafaranga ibihumbi bitanu 5000fb
- Ubwugamwo bw’iteka B na C : ni Amafaranga ibihumbi cumi 10.000Fb
- Ubw’ugamwo bw’iteka V.I.P ni amafaranga ibihumbi mirongo ibiri 20.000Fb
Ayo matike akazoba ariko aradandazwa mu gatondo ko ku musi w’urukino guhera igihe c’isaha zibiri zo mugatondo 8h00.