HomeAkes DonMasterland agiye gushira ahabona urukurikirane rw’indirimbo yise “EGO”

Masterland agiye gushira ahabona urukurikirane rw’indirimbo yise “EGO”

Masterland agiye kuzoshira ahabona urukurikirane rwiwe rwa mbere rw’indirimbo kw’igenekerezo rya 21 Ndamukiza ,2019 kuri Lacosta Beach.

“EGO” ni album igiye guzoshirwa ahabona ubwambere numuririmvyi Masterland ,akaba avuga kwizoba irimwo indirimbo zirenga cumi na zitanu.akozoyishira ahabona biciye mugitera kizobera kuri Lacotsa Beach igiteramo categuwe na Bukivu Live Nation,MasterMuzik barikumwe na The Fighter Production . Abaririmvyi bamaze kumenyekana kobazoba bahari mwiryo shirwa ahabona ryiwe ryambere rya Album  ni Sat-B ,Vichou Peace and Love abandi bakazogenda babatumenyesha uko hazoba hariko haregereza.

Mwomenya kuwo muririmvyi Masterland yaheruka mubikorwa kivyo aho yariyateguye ihiganwa rya Challege Fungus NZOBIKORA rirangira ritahukanywe numurwi wabatamvyi bo mucibitoke mukibanza ca mbere abaronkejwe ubushimwe bakaba bashika kumurwi wabaye uwagatatu.

- Advertisment -

Must Read

Party Love ya Alvin Smith yamaze gushika ku mbuga zigurisha umuziki

0
EP ya Alvin Smith yiswe Party Love igizwe n'indirimbo zitari nke yakoranye n'abigeme gusa, yahavuye ishika ku mbuga zigurisha umuziki. Nkuko uwo muririmvyi yabishikirije ku...