Natacha n’umuvugizi wiwe Raphael Nyandwi alias Rapha ndetse n’umumenyeshamakuru Ami Pro nibo bashoboye kumuherekeza bakaba bashitse impore muri Uganda.

Igenekerezo rya 15 Ntwarante 2019 niho bafata urugendo ruberekeza mu gihugu kibanyi c’Ubuganda Uwumuririmvyikazi Natacha akaba agiye kuraba ko yoshobora gutahukana ihiganwa risazwe ritegurirwa muri ico gihugu kibanyi, ihiganwa ry’itiriwe Hipipo Music Award ihiganwa riba rihurikiriyemwo abaririmvyi batandukanye bo muri kano karere turimwo ndeste na Africa. Nk’uko bigaragara agishika ku kibuga c’idenge ca ENTEBBE yakiranywe iteka ndetse n’umurisho w’ingoma z’igihugu cacu tutibagiye n’abatamvyi.
Mwomenya ko uno musi igenekerezo rya 16 Ntwarante mu masaha ya cumi na zibiri zo kugoroba zaha iwacu ariho haza gutangura ibirori bizakuba vyo kumenya uwatahukanye iryo higanwa rya Hipipo Music Award.