Burundihomepagekirundimusicmuzik na wasaniPassportUnicef Burundi

Spok’s kuririmba vyamwankiye kubera umwuga w’ukumenyesha amakuru

Spok’s mu mwambaro wa BETV imboneshakure asanzwe akorera

Spok’s ngo arakumbuye kuririmba, ariko akazi k’ukumenyesha amakuru ngo niko kamugeramiye. Buri gihe iyo atashe avuye muri Karaoke avayo yafashe ingingo y’ukuzindukira muri Studio, ariko bikarangira atagiye.

Spok’s ngo  ari mu barundi bake badasiba ama Karaoke buri mpera y’indwi, ariko naho biruko ngo ico gikorwa kimwibutsa vyinshi bigatuma ababara.

Uwo muririmvyi akaba n’umunyeshamakuru, ngo buri gihe iyo avuye muri  Karaoke, avayo yigiriye inama yukuzindukira gukora indirimbo, kuko n’amajambo aba yaraye ashungurutse. Ariko kubera akazi bigaca bigwa mu mazi, nkuko yabishikirije mu gice ca Statuts ku rubuga rwa Whatsapp, isaha 7 z’ijoro z’uwa gatandatu ushira uwa mungu.  

“A chaque fois ngiye muri Karapke nama mpera muri Campero ngahereza muri Peace and Love, nama nryoherwa nkaca nkumbura Studio n’imisitari ikanduga nkataha mvuga ngo nzindukira muri Studio, bukeye akazi kagaca kantwara nkabura aho vyankiye. Ndakunda cane umuziki vraiment, muri bangahe mwari munkumbuye muri Music?” Nk’uko vyashikirijwe na Spok’s

Mwomenya ko akaririmbo kiwe ka nyuma ari amasanamu y’akaririmbo Burundi, ako akaba yagashize ahabona haraheze amezi 6, inyuma gato y’ugutangura umwuga w’ukumenyesha amakuru ku mboneshakure BETV.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 344