5.5 C
New York
Thursday, April 15, 2021
Home Burundi Atagihindutse ngo bagiye guhagarika akazi mu misi ya vuba

Atagihindutse ngo bagiye guhagarika akazi mu misi ya vuba

Abakozi b’ishirahamwe Liquids rihingura ibinyobwa “Aquavie” vy’ishirahamwe “Savonor” baragabisha ko bazohagarika akazi kw’igenekerezo rya 21 uku kwezi kwa Ntwarante 2019 mu gihe ubuyobozi bw’iryo shirahamwe butokwisubirako ku ngingo buherutse gufatira umuyobozi wa sendika y’abo bakozi.

Abo bakozi bamenyesha ko Samuel Nkengurukiyimana yahora arongoye Sendika y’abakozi b’ishirahamwe Liquids rihingura ibinyobwa “Aquavie” vy’ishirahamwe “Savonor” yakuwe mu kazi hadakurikijwe amategeko, abo bakozi bagasaba ko yosubizwa mu kazi.

Jean de Dieu Ndayizeye, icegera c’umukuru w’iyo Sendika yemeza ko uwo mukuru wa Sendika yakuwe mu kazi kuko ariwe yashize ahabona ibibazo biri muri iryo shirahamwe, nk’ubusumbasumbane bw’imishahara, hamwe n’akandi karenganyo gakorerwa abakozi.

Abakozi b’ishirahamwe Liquids rihingura ibinyobwa “Aquavie” vy’ishirahamwe “Savonor” bashikiriza ko mu gihe ivyo basaba bitokorwa, ko bagiye kuzohagarika akazi, kuva kuri uyu wa kane uza igenekerezo rya 21 Ntwarante 2019.

Must Read

Karim Nizigiyimana abarizwa muri Bukavu Dawa

0
  Inyuma yo kuva mu mugwi Wazito Fc wo mu gihugu ca Kenya agaca amara umwanya munini adakina , uwahoze ari kizigenza w’intamba mu rugamba...