5.5 C
New York
Friday, April 16, 2021
Home homepage Iddy niwe yatwaye agashimwe k'umukinyi yaranze ukwezi kwa Ruhuhuma

Iddy niwe yatwaye agashimwe k’umukinyi yaranze ukwezi kwa Ruhuhuma

Umukinyi akina ku ruhande mu mugwi wa Messager Ngozi Iddy Museremu niwe yatwaye agashimwe k’umukinyi yaranze ukwezi kwa Ruhuhuma umwaka wa 2019 gahora gatangwa n’ikinyamakuru Burundisports cifandikanije n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB .

Hakaba hatoye abantu bashika kuri 4039 babicishije kuri page Facebook ya Burundisports.com na FFB hamwe na Primus hamwe n’abandi barungitse ubutumwa ku numero ya 61141414.

Ako gashimwe akaba yariko agahiganirwa n’abandi bakinyi nka Ndaye Chancel akina mu mugwi Rukinzo Fc , Kanakimana Bienvenue wa Aigle Noir hamwe nawe nyene Iddy Museremu akinira umugwi Messager Ngozi.

Uku Niko iddy Museremu yabarushije mu majwi y’abarorerezi :

1) Iddy museremu ( Messager Ngizi) 2224 (55%)

2) Kanakimana Bienvenue Aigle Noir 1220 ( 27.8%)

3) Ndaye Chancel Rukinzo Fc 695 (17.2%)

Uku Niko yabarushije mu majwi y’abamenyeshamakuru:

1) Iddy Museremu : 53%

2) Kanakimana Bienvenue : 33,9%

3) Ndaye Chancel 19%9

Mukamenya y’uko ibirori vyo gutanga ako gashimwe kuri Iddy Museremu biza gukorwa n’ishirahamwe Brarudi ribicishije ku kinyobwa ca Primus kuri uyu wa kabiri ku kibuga ca Centre technique kiri mu Ngagara .

Must Read

Différentes vertus du psaume 08

0
Améliorer la confiance, attirer  les clients vers ton commerce Pour retrouver la confiance en soi Pour avoir une faveur dans les transactions commerciales    Contre les maladies des...