5.5 C
New York
Friday, January 15, 2021
Home homepage Nouvelle Zélande : Reta yahagaritse itegeko ryemerera abanyagihugu gutunga ibirwanisho

Nouvelle Zélande : Reta yahagaritse itegeko ryemerera abanyagihugu gutunga ibirwanisho

Reta y’igihugu ca Nouvelle Zélande yahagaritse itegeko ryemerera abanyagihugu gutunga inkoho muri ico gihugu inyuma y’aho igitero giherutse kugabwa ku musigiti wo mu gisagara ca Christchurch gihitanye abantu bangana mirongo itanu.

Nk’uko bishikirizwa n’insamirizi y’abongereza BBC, umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu Jacinda Ardern, yavuze ko hagiye gutegurwa itegeko rishasha rizokwemerera abantu gutunga ibigwanisho.

Uwo mushikiranganji wa mbere w’ico gihugu Jacinda Ardern yavuze kandi ko hagiye gutunganywa uko hazokorwa kugira inkoho ziri mu banyagihugu baziguze bazisubizwe hama nabo basubizwe amafaranga yabo.

Ayo makuru avuga ko igikorwa co kwishura hamwe no gusubiza amahera abaguze inkoho bizotwara amadorare y’abanyamerika arenga imiriyoni ijana.

Must Read

Hazokoreshwa igitabo mpanavyaha mu guhana abazoba bagararije

0
Abunguruza abantu canke abiyunguruza batazokurikiza ingingo zo kwikingira Covid-19 cane cane kwambara agafukamunwa, bazohanwa hisunzwe igitabu mpanavyaha. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu,...