5.5 C
New York
Sunday, January 24, 2021
Home Burundi Djuma Mossi yaje kwifadikanya na barumunawe mu rukino ruzobahuza na Gabon

Djuma Mossi yaje kwifadikanya na barumunawe mu rukino ruzobahuza na Gabon

Umuzo wa Djuma Mossi ushobora kwongereza izindi nguvu umugwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba .

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 19 Ntwatante umwaka wa 2019 , niho uwahoze ari kizigenza w’intamba mu rugamba mu myaka 20 iheze yafata indege imukura i Buruseri mu Bubirigi aho asanzwe aba aje kwifadikanya na barumunawe b’intamba mu rugamba mu rukino rugiye kubahuza na Gabon ruzoba kuri uyu wa gatandatu uza igenekerezo rya 23 Ntwarante umwaka wa 2019.

Djuma Mossi akaba yarakiniye imigwi ikomakomeye hano iwacu nka Vital’o Fc, Maniema Fantastic , Union Sporting mu myaka ya 1995 .

Yarakinye no mu gihugu ca Gabon tugiye kwakira ku musi wa gatandatu ndetse no mu Gihugu ca Dubai kiri ku mugabane wa Asia .

Mukamenya y’uko no mu rukino rwo gutangura rwabereye i Libreville aho intamba mu rugamba zanganije na Gabon igitsindo 1 kuri 1 uyo yahoze ari kizigenza w’intamba mu rugamba kera yari yashoboye kwifadikanya nabo aranatanga n’impanuro zitandukanye.

Must Read

Dj Bisoso yikuye mw’ihiganwa ry’ikiganiro the Choice yohuriyemwo na DJ Ira...

0
  Ikiganiro The choice gica ku mboneshakure Isibo  yo mu gihugu kibanyi c’Urwanda iriko irategura gutanga ubushimwe mu mice itandukanye y’ubuzima bw’umuziki muri ico gihuguc’Urwanda....