5.5 C
New York
Wednesday, October 27, 2021
HomeBurundiImyiteguro igeze kure ku ntamba mu rugamba

Imyiteguro igeze kure ku ntamba mu rugamba

Umugwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba ubandanya witegurira neza urukino rugiye kubahuza na Gabon kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 23 Ntwarante umwaka wa 2019.

Kuri uyu wa kane mu masaha yo kumugoroba uyo mugwi w’intamba mu rugamba wariko ukorera imyimenyerezo ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore .

Abakinyi bose bameze neza nta mukinyi n’umwe yoba afise imvune canke ngo yoba akitswe n’amagara nk’uko vyabonetse mu myimenyerezo.

Intamba mu rugamba ziramutse zitsinze urwo rukino rwa Gabon canke zikanganya zizoba zikatishije itike yo gukina inkino za nyuma za CAN2019 zizobera muri Misiri mu gihugu ca Egypte.

- Advertisment -

Must Read

Africa Nova agiye gusubira kuryohera abamukunda

0
Indirimbo zitari nke za Africa Nova zakunzwe haraheze igihe kitari gito, ziriko zirasubirwamwo. izo ndirimbo zikaba ziriko zisubirwamwo n'uwo muririmvyi nyene. Imwe muriyo ni Mwiriwe...