5.5 C
New York
Tuesday, October 19, 2021
Homehomepage|Urwevu|Ibiguhanze biva muri wewe nyene.Raba bumwe mu buryo bw'ukubitumbereza(1)

|Urwevu|Ibiguhanze biva muri wewe nyene.Raba bumwe mu buryo bw’ukubitumbereza(1)

Ibijanye n’ivy’impwemu rero birimwo ibinyegezwa ku buryo usanga benshi tugenda nk’abagendera mu mwiza, tukagira ibibazo yamara ntitumenye iyo duta umutwe, na canecane tukihutira gutunga agatoke abandi canke ibindi bintu, gutyo noneho bigatuma ivya vyunyuka.

Mu kiringo rero ibiturwanya maze bigatuma dushikirwa n’ibidahuye n’ivyo twifuza biri muri twebwe nyene, n’ukuvuga yuko uburyo bw’uguhindura ibidushikira ari ukubanza tugahindura ibiri muri twebwe nyene. Ivyo rero biraheza bikaza gushingira kuvyo abahinga babinonosoye bise” La loi des correspondances”. Ukwo kuri kumenyesha ko ibigushikira vyose ari ivyuririzi bifatira ku buryo uhagaze mu buryo bw’impwemu.

Mu bushakashatsi bunyuranye twagize, twasanze rero , mu gitabo Bibiliya, ama zaburi( Psaumes) harimwo uburyo bukomeye bw’ugukankamira , ukanategeka ivyo bikugoye ukoresheje uburyo bw’impwemu.

Birashobora gushika rero ukiraba ugasanga umengo warasubiye inyuma. Ugasanga nta cubahiro ugifise. Ugasanga umengo ingorane ufise ziriko zirakurusha inguvu , eka mbere n’imigisha wahora ugira ugasanga umengo vyose biguca mu myanya y’intoke. Woheza rero ukihutira gusoma psaume ya 4, ukayisoma , bishobotse ukayifata ku mutwe. Umaze gushika ngaho, uzoheze rero nk’uko tubona abahinga babivuga, uvyuke kare mu mutwenzi uheze uyisubiremwo incuro nyinshi, mbere naho woshitsa incuro ijana( 100 fois ) ntangorane.

Mu kiringo uriyiko uyivuga, uzoheze ugume uzirikana ko uriko uravuga mu buryo bw’impwemu. Uzokwumve ko uriko urabwira ibiri muri wewe, bitumye umeze gutyo utadashaka. Umaze kubikora rero, uzoheze uce usenga isengesho rijanye n’ivyo wifuza.

Hariya iwacu ruguru, twarumva bamwe bavuga ngo bafise “Ibinyamubiri”. Aha umuntu agatahura rero ko bwari uburyo bw’ukuvuga ibitugwanya biri muri twebwe nyene. Inzitizi.

Ukazobikora , ukishurwa, uzoshinge Intahe, maze bifashe abandi kubohorwa.

- Advertisment -

Must Read

Meme Meili yavuze ku mafaranga yakoresheje muri “Arabesha”

0
Ya ndirimbo "Arabesha" ya Meme Meili ngo ntiyovuga ko Ariwe yayikoreye canke ngo Afise Management imufasha muri ivyo bikorwa vyiwe vy'umuziki, ariko ngo arafise...