5.5 C
New York
Thursday, January 21, 2021
Home abakinyi bakina hanze Eliminatoires CAN2019: Fiston Abdoul Razzaq ku rutonde rw'abakinyi 11 bitwaye neza

Eliminatoires CAN2019: Fiston Abdoul Razzaq ku rutonde rw’abakinyi 11 bitwaye neza

Fiston abdoulrazzaq abandanya yandikisha amateka atari bwakorwe n’uwundi mukinyi w’umurundi

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 26 Ntwarante umwaka wa 2019 Ishirahamwe ritwara umupira w’amaguru muri Africa CAF ryaraye rishize ahabona urutonde rw’abakinyi 11 bitwaye neza mu nkino zo kurondera itike yo gukina igikombe ca CAN 2019 kigiye kubera mu Misiri.

Muri urwo rutonde tuhasangamwo umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba ndetse n’umugwi wa Js Kabylie wo mu gihugu ca Algeria Fiston Abdoulrazzaq.

Akaba ari kumwe n’ibindi bihangange nka :

  • Sadio Maney
  • Mohammed Salah
  • Cedric Bakambu
  • Salif Coulibaly
  • Yassine Meriah
  • Eric Baily
  • Hakim Ziyeck
  • Navy keita
  • André Onana

Mukamenya y’uko Fiston Abdourazzaq yarangije izo nkino zo kurondera itike yo kwitabira CAN 2019 afise ikibanza ca kabiri n’ibitsindo 6 mugihe uwafashe ikibanza ca mbere ari umunya Nigeria yitwa Odion Ighalo.

Must Read

Ibanki BRB iragabisha abantu bakora urudandazwa rwa magendo bita «Ikirimba »

0
Ibanki ya repubirika y’Uburundi BRB iragabisha abantu bakora urudandazwa rwa magendo rw’imitahe y’abantu bashinze ishirahamwe rikora nk’ikirimba. Ayo mashirahamwe yemerera abanywanyi inyungu y’umurengera mu...