homepageComediesintamba murugambakirundikirundi_SportsYvan muziki

Intamba U-23 zaraye zisezerewe na Congo Brazzaville

Umugwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 23 waraye usezerewe n’umugwi wa Congo Brazzaville .

Hari kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 26 Ntwarante umwaka wa 2019 i Brazzaville aho umugwi nserukuragihugu wa Congo Brazzaville wakiriye umugwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba mu rukino rwo gusubiriza rwo kurondera itike yo gukina igikombe ca CAN U-23 urwo rukino rukaba rwarangiye Congo Brazzaville itsinze intamba mu rugamba ibitsindo 2 kuri 1.

Intamba mu rugamba nizo zatanguye kwinjiza igitsindo ca mbere ku munota wa 21 cinjijwe na Kanakimana Bienvenue igice ca mbere kirangira intamba ziri kw’isonga y’igitsindo 1 ku 0 bwa Congo Brazzaville .

Igice ca kabiri naco gisa nico cifatiwe na Congo Brazzaville aho uwo mugwi waronse igitsindo co kunganya ndetse banarahabwa na penariti benshi baneguye y’uko itariyo birangira intamba ziserewe ibitsindo 2 kuri 1.

Mukamenya y’uko urukino rwo gutangura rwabereye i Bujumbura intamba mu rugamba zari zanganije 0 ku 0 na Congo Brazzaville .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 436