
Ku musi wa 4, igenekerezo rya 4 ukwezi kwa 4, igihe c’isaha 4 n’iminota 4, indirimbo 4 ziri mu ndimi 4 zo mu midiho itandukanye nizo zizoshirwa ahabona na Mkombozi.
Nzeyimana Thomas agacerere amazemwo imisi ntikari ako gupfisha ubusa ngo yariko akora inkurikirane z’indirimbo ziri muri Album zibiri. Ubutumwa bugizwe n ‘umunezero udashira akaba aribwo butumwa ngo twokwitega muri izo ndirimbo 4.
Nayo gishasha kitari kimenyerewe nuko n’amasanamu azoca akurikira izo ndirimbo nk’uko Mkombozi abituyagura. Yifadikanije n’incuti ziwe bakuranye mu nkambi y’impunzi y’i Mutabira my gihugu kibanyi ca Tanzania, bakaba bariko bategura indirimbo yo kwibuka umwe mubo batanguranye umuziki bakiri muri Tanzania yarazwi kw’izina rya Rugamba aherutse kwitaba Imana ahitanywe n’impanuka.