I

Amakuru ashikirizwa n’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 1 Ndamukiza umwaka w’2019, amenyesha ko hari ibikoresho vya gisirikare bitandukanye vyaraye bifatiwe ku rugo rw’uwahoze ari intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi.
Ayo makuru amenyesha y’uko inkoho zibiri zo mu bwoko bwa Pistolet, ibikono vy’amasasu ipantaro zitandatu z’igisirikare c’Uburundi, amashati ane y’igisirikare, imisipi ibiri hamwe n’inkofero imwe nivyo vyaraye bifatiwe ku rugo rwa Colonel Haziyo intwazangabo y’umukukuruke mu gisirikare c’Uburundi.
Uwo mukukuruke mu gisirikare c’Uburundi colonel Haziyo akaba yarigeze no kuba ari Buramatari w’intara ya Bubanza.
Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko amatohoza ariko arakorwa mu ntumbero yo kuronka umuco kuri ivyo bikoresho vya gisirikare vyaraye bitowe.