Sheebah Karungi i Bujumbura ku butumire bw’abarongoye Cristal Event agiye kugaragara i Bujumbura mu giteramo.

Inyuma yugutegura igiteramo cari citezwemwo Meddy munyuma nticaba kikibaye ubunaho abasanzwe barongoye Cristal Event bagiye kuzana uwundi muririmvyikazi azwi kwizina rya Sheebah Karungi asanzwe ava mugihugu ca Uganda aho azoba yaje guteramisha abakunzi bumuziki i Bujumbura kw’igenekerezo rya 27 Ndamukiza .
Mwomenya ko aha i Bujumbura hataramenyekana neza abaririmvyi bazomuherekeza muri ico giteramo, ariko ikibanza co kikaba kimaze kumenyekana akazoba ari mw’ibarabara rya Boulevard de l’Uprona, ahari kubera igiteramo cari citezwemwo Meddy mumpera z’umwaka wa2018.