5.5 C
New York
Sunday, September 19, 2021
Homehomepage#Urwevu|Aho mu bwonko bwawe ngo hari inguvu zihambaye udakoresha

#Urwevu|Aho mu bwonko bwawe ngo hari inguvu zihambaye udakoresha

Mu gitabo canditswe n’uwitwa “Joseph Murphy,” The Power of your subconscious mind” arasigura ibitari bike vyerekana y’uko aho mu bwonko bwawe hari inkomezi nyinshi cane yamara utigera ukoresha kubera, ubwa mbere utazi n’uko ziriyo, hanyuma ubwa kabiri ukaba utazi n’uko wobigenza,

Akumenyesha yuko amatungo adashira agukikije irya n’ino ,iyo uba wari ufise amaso akanura y’ugushobora kubibona, Ati hariho ikirombwe c’inzahabu muri wewe aho ngo woshobora kwimba maze ugakurayo ibiguhagije vyotuma ubaho mu munezero hamwe n’icubahiro ntangere. Benshi rero ngo ntibazi iryo banga namba, ngo ntibazi ko muri bo nyene hariho ububiko bwinyegejemwo ivyo bifuza vyose kuronka, Ukuba ushobora kubishikako canke ntubishikeko ngo bivana rero n’uko wewe nyene ubwawe uteye,

Uwo mwanditsi amenyesha ko , abantu ngo bari imirwi ibiri: Umurwi wa mbere ugizwe n’abantu bakerebutse, bafise muri bo ukwemera n’ukwizera gukomeye, Abo rero ngo basanzwe bafise ukwizera gukwiye y’uko bataje kuri ino si nk’imperekeza, ngo barazi yuko baje nk’abazonesha isi mpaka bakayikurako ivyo bashaka,

Abandi ba kabiri rero ngo ni abatiyemera, ntibagire n’ukwizera gukomeye namba,buzuye ubwoba n’ukwijijanya imitima. Ngo ico bakoze cose baguma bafise ubwoba, ngo, “bizohava vyanka”. Abo ba bakabiri rero ngo ntibazigera bashika kure na gato mu buzima bwabo. Ico bazokora gusa ngo ukuzoguma aho basanzwe bari nyene.

Ngo ugasanga rero ushaka gushobora kuronka kuri ayo matungo ari muri wewe, ngo nyaragasa urondere kuba umukerebutsi, ugire ukwizera n’ukwiyemera bikwiye. Kuko, ako gahande karimwo ivyo wifuza gakorera ku vyiyumviro vyawe, agaciro wewe nyene wiha muri wewe.

Dufatiye kuri bino uwu mwanditse yavuze, tukaraba aha iwacu i Burundi, turaheza tukabona ko abantu atari bake bari muri uwu murwi wa kabiri. Iyo umuntu ahisemwo kwiga ivyirwa runaka ,,kenshi aca ashira isanamu mu mutwe y’ico azoba( nimba ari ubwarimu canke akazi ka Leta) maze akazibira iyindi mihora yose iri mu bwonko. Biraheza rero bigatuma atiyumvira kuja kwimba muri ca kirombwe , maze agize Imana akaronka akazi kiwe, bikaba bihezz akazoca asazira aho nyene.

Nimba wize icongereza ukaba ukivuga neza kubera iki ugumiza amaso yawe ku bwarimu gusa canke akazi ka Leta. Mbega urazi ko ushobora kuba umudandaza akomeye cane aho Uganda, Tanzania canke n’ahandi? Urabishoboye!!!

CAGAGURE IMIGOZI YO MU MUTWE MWUGURURE IMIHORA!

CE URWEVU!

- Advertisment -

Must Read

Dj Philbert aremeza ko yakuwe mu ndirimbo bari bakoranye na Sat-b...

0
Dj Philbert yemeje amakuru avugwa ko yoba yarakuwe mu ndirimbo 1 mu ziri muri EP ya Belle Nice. Aho ngo ni mu gihe yari...