5.5 C
New York
Thursday, January 21, 2021
Home homepage Elvis Kamsoba azokwitabira inkino za CAN 2019

Elvis Kamsoba azokwitabira inkino za CAN 2019

Umukinyi w’umusatirizi w’umurundi akina muri Australia yamaze kwemera kuza kwifadikanya na bandi mu nkini za CAN 2019 zigiyw kubera muri Misiri.

Ayo makuru akaba yavuzwe Manager Mutima Constatin asanzwe araba ivyabakinyi b’abarundi bakina mu bihugu vy’ iburaya na handi kugira baze gukina mu mugwi Nserukira gihugu w’intamba mu rugamba.

Mutima avuga y’uko imbere y’uko urukino rw’intamba mu rugamba hamwe na Gabon ruba yari yaganiriye na Elvis Kamsoba amubaza y’uko yoza kwifadikanya na bandi muri urwo rukino ariko ntivyahavuye bikunda ko aza ariko akaba yaramwemereye y’uko mu nkino za CAN 2019 zigiye kubera muri Misiri azokwifadikanya na bagenziwe.

Mukamenya y’uko Elvis Kamsoba asanzwe akina mu mugwi Melbourne Victory wo mu cicaro cambere mu gihugu ca Australia .

Must Read

Ibanki BRB iragabisha abantu bakora urudandazwa rwa magendo bita «Ikirimba »

0
Ibanki ya repubirika y’Uburundi BRB iragabisha abantu bakora urudandazwa rwa magendo rw’imitahe y’abantu bashinze ishirahamwe rikora nk’ikirimba. Ayo mashirahamwe yemerera abanywanyi inyungu y’umurengera mu...