5.5 C
New York
Thursday, April 22, 2021
Home homepage #Inyambaro|" Inyosha mbi ingana umurozi".

#Inyambaro|” Inyosha mbi ingana umurozi”.

Ba Sokuru bati” Amaso y’ibikere ntabuza abavoma”. Kukaba nk’ako .Amaso y’abahita ntakibuza abahitanwa n’ibihita. Uwuraho ati, ikizokugirira nabi mugenzi kizogutere uruhumyi! Abifitiye ayabona, ntibikibagora, atora akarago akicara ku nzira maze agaheza agataha ku mugoroba, amaso yabombotse.

” Uwapfuye yarihuse”! Uko niko uwitavye Imana aho hambere hahise yoca yifata ku munwa akavuga mu gihe yagira amahirwe y’ugukubitira aha mu bisagara naho yohamara iminota itatu itarenga ntirenguke.

Iyo hiyo mu misozi mvuka, hari ivyo bakubita amaso, rimwe na rimwe , mu kiruhuko c’urwaruka, bakifata ku munwa ukaza wumva ngo ” Emwe , baroga kwinshi”. Mpora nca ndababwira nti oya Nyoku si akaroge, bavyita ” Mode”

Baraheza bakambaza bati none uwo “Mode” ga Mwana atumye abana bacu bambara rimwe na rimwe tugaterwa n’isoni ry’ububarana wewe wumva atari umurozi???

Ndaheza ngaca nikazanura , ngatora agakoni nkabasezera nti nzogaruka mbazaniye inyishu ngiye kubabariza i Bukuru.

Yamara naje nsubira inyuma nidodomba nti “Imbere y’ukurondera kutwambika uko abandi bateye imbere bambara, uwo Mode mbega nyabuna ntiyobanza kutwigwirisha urwaruko ivyotuma rutera i mbere? .

Must Read

Mvuyekure Emmanuel yaraye afashije KMC kunganya na Biashara United

0
Ku musi wa kabiri igenekerezo rya 20 Ndamukiza 2021, Umugwi KMC ukinamwo Umukinyi w’umurundi Mvuyekure Emanuel wari wakiriye umugwi Biashara United mu rukino rw’indwi...