5.5 C
New York
Thursday, October 28, 2021
HomehomepageCoupe du Président : Inter Star yaraye isezereye Messager Ngozi

Coupe du Président : Inter Star yaraye isezereye Messager Ngozi

Umugwi Intar Star wo mu cicaro cakabiri waraye ukoze ibitangaza

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 06 Ndamukiza umwaka wa 2019 , isaha icenda 15h00 i Gitega niho umugwi Messager Ngozi ukina mu cicaro cambere wahura na Inter Star yo mu cicaro cakabiri mu rukino rw’igice 1/4 gishira icanyuma c’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu, urwo rukino rukaba rwarangiye Inter Star itinze Messager Ngozi ibitsindo 4 kuri 2.

Imbere y’uko urwo urukino ruba, umugwi Inter Star wari wemerewe n’abarongozi wo y’uko nibaramuka batsinze urwo rukino umukinyi umwumwe azotahana ibahasha irimwo amafaranga y’amarundi angana n’ibihumbi mirongo itandatu na bitanu 65.000fb.

Izindi nkino zaraye zibaye n’uko Ngozi City nawo wasezereye Musongati Fc mu kubatsinda igitsindo 1 ku 0, Aigle Noir nawo umaze gutwara igikombe ca Primus league waraye usezereye LLBS4A uwutsinze ibitsindo 3 ku 0 , Rukinzo nayo isezerera Kayanza United ku gitsindo 1 ku 0.

Mu kamenya y’uko igice 1/2 gishira icanyuma kizokinwa kw’igenekerezo rya 20 muri uku kwezi kwa Ndamukiza umwaka wa 2019.

- Advertisment -

Must Read

Urwanda rugiye gutangura gukora inkingo za Covid-19 na Malaria

0
Ibihugu 3 vyo muri Afrika, Afrika y’epfo, Senegal n’Urwanda nivyo bigeye gutangura gukora inkingo za Covid-19. Izo nkingo zikaba zizoba ari izisanzwe zikorwa na...