Ihiganwa ryitiriwe igikombe c’umukuru w’igihugu ryaronse ishirahamwe rigiye kurifata mu mugongo.
Kuri uyu wa gatandatu uheze igenekerezo rya 06 Ndamukiza umwaka wa 2019, mu gisagara ca Dar Es Salaam niho uwusanzwe atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Honorable Reveriyano Ndikuriyo yagiranira amasezerano y’imyaka ibiri (2) n’ishirahamwe Cheza Group risanzwe rikorera mu gihugu ca Tanzania .
Ayo masezerano y’imyaka ibiri akavuga y’uko azoba ari ayo gufata mu mugongo amahiganwa yitiriwe igikombe c’umukuru w’igihugu aho iryo shirahamwe ryemeye gutanga imiriyoni 12.000.000fb z’amarundi muri iyo myaka ibiri bagiraniye amasezerano ( 2019-2020) bigasigura y’uko buri mwaka bazotanga imiriyoni 60.000.000 Fb .
Iryo shirahamwe Cheza Group rikaba rimeze co kimwe n’ishirahamwe Lydia Ludic Burundi rikaba ari rishasha mu gihugu c’Uburundi .