Umumenyereza w’umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba Olivier Niyungeko yerekeje mu Misiri.
Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 08 Ndamukiza isaha icenda 15h00 z’umuhingamo niho umumenyereza w’Intamba mu rugamba Alain Olivier Niyingeko yafata indege yerekeza mu Misiri mu gihugu ca Egiputa aho agiye kwitabira ibirori vyugutora ukungene imigwi izohura mw’ihiganwa rya CAN 2019 igiye kubera muri ico gihugu mu kwezi kwa gatandatu uwu mwaka.
Ivyo birori bikazoba kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 12 Ndamukiza umwaka wa 2019 muri ico gihugu ca Misiri.
Rikaba ari irya mbere Intamba mu rugamba zizoba zitabiriye iryo higanwa rya CAN 2019 kuva Uburundi bwikukiye.