5.5 C
New York
Saturday, April 10, 2021
Home abakinyi bakina hanze Umusatirizi wa Aigle Noir yerekeje muri America

Umusatirizi wa Aigle Noir yerekeje muri America

Umukinyi w’umusatirizi w’umugwi Aigle Noir Kanakinama Bienvenue ntakiri ku butaka bw’Uburundi.

Kuri uyu wa Mungu igenekerezo rya 07 Ndamukiza umwaka wa 2019 , niho umukinyi w’umusatirizi w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba y’abatarenza imyaka 20 na 23 hamwe n’umugwi Aigle Noir Kanakinama Bienvenue yafata indege yerekeza muri Reta zunze ubumwe za America.

Kanakinama Bienvenue akaba agiye gukina mu mugwi wa Atlanta United wo mu cicaro ca mbere muri America.

Ihiganwa uyo musatirizi w’umugwi Aigle Noir agiye gukinamwo rikaba ryitwa “Major League Soccer”.

Kanakinama Bienvenue akaba agiye muri America ariwe afise ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa rya Primus league ry’uyu mwaka wa 2018-2019 aho afise ibitsindo 23 .

Mukibuka y’uko yigeze no gutorwa nk’umukinyi mwiza wa Primus league yaranze ukwezi incuro zigera kuri zibiri.

Must Read

Les Jumeaux Music Club : Apprendre comment devenir boss de soi-même

0
Au moment où le marché du travail devient de plus en plus rare et que certains lauréats des universités tant publiques que privées gardent...