homepageArsenalInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Iki nico catumye Kanakinama Bienvenue yifuzwa muri America

Umukinyi w’umusatirizi wa Aigle Noir hamwe w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 20 na 23, Kanakinama Bienvenue yashitse amahoro mu gihugu ca America .

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 08 Ndamukiza umwaka wa 2019 niho umukinyi w’Umusatirizi wa Aigle Noir Kanakimana Bienvenue yashika mu gihugu ca America aho agiye gukinira umugwi “Major Soccer league” ukina mu cicaro ca mbere muri America .

Icoba catumye uyo mukinyi yifuzwa n’umugwi wo muri America ni inkino za CANU20 na U23 yakinye zatumye imigwi imwipfuza nk’uko uyo mukinyi wenyene avyivugira .

Kanakinama Bienvenue akaba ashimira cane ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryatumye ashika amahoro muri America atibagiye n’abakinyi bose bakinanye mu mugwi Aigle Noir.

Kanakinama yasubiye kandi arashimira abamenyereza bose b’umugwi wiwe Aigle Noir na cane cane umumenyereza mukuru Joslin Bipfubusa hamwe n’abarorerezo n’abakunzi b’uwo mugwi ku kuntu babafashe mu mugongo mpaka bagatwara igikombe ca Primus league .

Yarangije ashimira Nyenicubahiro umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ku kuntu yitangira igihugu na canecane mu kwitaho inkino.

Kanakinama Bienvenue akaba yagiye muri America ariwe afise ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa rya Primus league ry’uyu mwaka wa 2018-2019 aho afise ibitsindo 23.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 421