homepagekirundiMiss EricaWorld News

Gunnar yemeye y’uko aza kuzibira Messi kugira ntabace muryahumye

Umumenyereza wa Manchester United Ole Gunnar afise icizere c’abakinyi biwe y’uko baza kuzibira Messi mu rukino rw’uno musi rwa UEFA Champions League .

Aganira n’abanditsi hamwe n’abamenyesha makuru ku mugoroba wo kuri uyu wa Kabiri waraye uheze igenekerezo rya 09 Ndamukiza uyo mumenyereza wa Manchester United yavuze y’uko umukinyi wiwe w’inyuma nka Smalling yiteguye kuzibira Lionel Messi hamwe na Suarez kuko mw’ihiganwa ry’uyu mwaka rya Champions league barahuye n’abandi bakinyi bibihangange bakomeye nkabo kw’isi nka Christiano Ronaldo hamwe na Kylian Mbappe .

Akaba yagize ati” Messi na Suarez ni bamwe mu bakinyi bakomeye kw’isi muri kino gihe, rero tugiye kuraba ingene tuzakubazibira ntushobora kuvuga y’uko wokwankira Messi gushika imbere y’igori kuko mwenyene mwama mubona ingene yama atsinda ibitsindo ari inyuma y’igori. Gusa turaza kugerageza ingene tuza kubazibira hamwe na Suarez kuko twarazibiye ibindi bihangange bikomeue nka Christiano Ronaldo hamwe na kylian Mbappe”.

Mukamenya y’uko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 10 Ndamukiza umwaka wa 2019 , mwijoro isaha z’itatu 21h00 ko ariho umugwi Barcelona bazoba bariko barakina na Manchester United mu rukino rw’igice 1/4 gishira ica nyuma ca Champions League .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 338