
Inyuma yo kwemeza ko bagomba gusohora ibikorwa vy’abana ba Empire Avenue bashize ahabona uwugomba gukurikira inyuma ya Nkuyakuya ya Best Life Music Sabo ya Belle9ce niyo igomba kuja ahabona kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 12/04/2019.
Aho ni mugihe bivugwa ko hagiye gusohoka ibikorwa kumurongo vy’abo baririmvyi ba Empire Avenue harimwo Belle9ce, Bain Ten, Clementine Kavy, ndetse na CEO Sat-b Satura
Aho ni mugihe uwo muririmvyikazi nyene azwi kw’izina rya Ingabire Bernice (Belle9ce) atakiboneka aho yarasanzwe akorera Karaoké muri IngoMusicLiveBand.