5.5 C
New York
Saturday, April 17, 2021
Home homepage Dieugo Costa yafatiwe ibihano vyo kudakina inkino 8

Dieugo Costa yafatiwe ibihano vyo kudakina inkino 8

Ugutuka umuhagariki kwatumye Dieugo Costa ahanwa bimwe bikomeye.

Mugihe umugwi Athletico Madrid wariko uhura n’umugwi Fc Barcelona mu rukino rwa Laliga mundwi iheze aho Fc Barcelona yatsinze Athletico Madrid ibitsindo 2 ku 0 , Ku munota wa 28 Dieugo Costa yatutse umuhagarikizi w’urwo rukino akoresheje urutoke rwiwe bituma ahabwa ikarata y’umuhondo kuri uyu wa kane igenekerezo rya 11 Ndamukiza umwaka wa 2019 uyo mukinyi yamaze kuba afatirwa ibihano n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Espagne.

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 11 Ndamukiza umwaka wa 2019, abajejwe ka gutunganya ivy’ indero mu mupira w’amaguru muri Espagne niho bafatira Dieugo Costa ibihano vyo kudakina inkino 8 z’ihiganwa rya Laliga bihweje amasanu y’ikosa yakoreye uyo muhagarikirizi.

Dieugo Costa gushika muri kino gihe amaze guhanwa inkino 34 muri hakise kiwe wongereje izo nkino 8 azoca akwiza inkino 48.

Akaba amaze kuronka ikarata z’umuhondo 132, hamwe n’ikarata zitukura zigera kuri 5. Uyo mukinyi bikaboneka y’uko atazosubira guhonyoza ikirenge mu kibuga mu nkino za Laliga bivanye n’inkino nke zisigaye muri iryo higanwa.

Must Read

Sat-b yatanze umuco kucatumye ari Imana ishiraho ukwezi kweranda kwa Ramadhan

0
Ku musi w’ejo umuririmvyi Sat-b yasangije abakurikirana urubuga rwiwe rwiwe rwa Facebook ubutumwa aho yagarutse ku kamaro k’ukwezi kweranda kwa Ramadhan. Mu butumwa yatanze ari...