
Ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu bigeme ryaraye ribandanije ku ndwi yaryo igira kabiri. Uku niko baraye batsindanye :
- La colombe yanyagiye Inyange Fc ibitsindo 6 ku 0
- PVP Buyenzi yanganije na Fofila Pf igitsindo 1 kuri 1
- Lionne Star yanganije na Lionnes Fc 0 Ku 0
- Ubuntu Women Fc yatsinzwe na Onze Etoile igitsindo 1 ku 0
- Christ Roi yatsinzwe na Rain Bow ibitsindo 2 Ku 0
Uku niko imigwi isumbasumbanya amanota :
- La Colombe Fc ( buja) ifise amanota 6
- Fofila Pf (Ngozi) ifise amanota 4
- PVP Buyenzi ifise amanota 4
- Onze Etoile ( Kinama) ifise amanota 4
- Rain bow ( Gitega) ifise amanota 3
- Ubuntu Women Fc ( Kayanza) afise amanota 3
- Lionnes Fc ( Gihanga) ifise amanota 2
- Lionne Star ( Ngozi) ifise inota 1
- Christ Roi ( Gitega) ifise inota 1
- Inyange Fc ( Rumonge ) ifise amanota 0.