Umurundi Pacifique Ndabihawenimana yashoboye gutorwa na CAF nk’umuhagarikizi umwe wenyene w’umurundi azohagarira inkino z’igikombe ca afurika CAN 2019 kigiye kubera mu gihugu ca Agiputa .

Pacifque agaragara Ku rutonde rw’abahagarikizi bo hagati mu ikibuga we n’umunya Rwanda yitwa Hakizimana Louis n’uwundi munya Kenya yitwa yitwa Peter Waweru bahagarikiye kano karere ka CECAFA nk’abahagarikizi bo hagati mu ikibuga.Hakaba hatowe Abahagarikizi 27 bo hagati nibo bazohagarikiea izo nkino za CAN 2019 hamwe 29 bo kumpande.
Abo bahagarikizi Bose bazobanza guhagarikira ivyigwa I Rabat mu gihugu ca Maroc kuva kw’igenekerezo rya 28 Ndamukiza umwaka wa 2019 gushika igenekerezo rya 5 Rusama umwaka wa 2019.