5.5 C
New York
Sunday, January 17, 2021
Home abakinyi bakina hanze Tchabalala yafashije Ethiopian Coffee Sc kunyagira Bahir dar Kenema

Tchabalala yafashije Ethiopian Coffee Sc kunyagira Bahir dar Kenema

Hussein Shaban Tchabalala yaraye yigaragaje y’uko ari umwe mu bakinyi bakomeye mu gihugu ca Ethiopian .

Kuri uyu wa gatandatu waraye uheze igenekerezo rya 20 Ndamukiza umwaka wa 2019 umugwi Ethiopian Coffe Sc waramutse wakira umugwi wa Bahie Dar Kanema mu rukino rw’indwi ya 21 y’ihiganwa ryo muri Ethiopia, urwo rukino rukaba rwarangiye Ethiopian Coffee Sc inyagiye Bahir ibitsindo 5-0.

Muri ivyo bitsindo hakaba harimwo ibitsindo bibiri vy’umusatirizi w’intamba mu rugamba ariwe Hussein Shaban Tchabalala aho igitsindo ciwe ca mbere yacinjije ku munota wa 41 mugihe ica kabiri yacinjije ku munota wa 88, ibindi bitsindo bibiri navyo bikaba vyinjijwe n’uwitwa Aboubakar kimwe ku munota wa 10 ikindi ku munita wa 55 w’urukino nayo ikigira gatanu cinjizwa na Eyasu.

Hussein Shaban Tchabalala akaba yatanguye gukina muri uyo mugwi mu nkino zo mu gice cakabiri c’ihiganwa (match Retour) akaba yaje muri uwo mugwi avuye mu gihugu ca Africa y’epfo mu mugwi witwa Baroka Fc. Mu nkino 5 amaze gukina Hussein Shaban Tchabalala akaba amaze gutsinda ibitsindo 3.

Must Read

Diamond ngo yari umwana w’umuzanano, bishoboka ko arico gituma atafashije uwo...

0
  Bwabundi ngo Diamond Platnumz n’umwana w’umuzanano, ngo s’uwa Mzee Abdoul Juma yarasanzwe azwi ko ariwe se amuvyara. Iyo ikaba ariyo nkuru igezweho muri ino...