BurundiDevelopmentEnvironnementFabelovehomepagekirundiShaddy boo

Ishirahamwe rihingura amakara mu bitiritiri

Haheruka kuboneka ishirahamwe rihingura amakara mu bitiritiri vy’ibigori, Kaze Green Economy, KAGE mu mpunyapfunyo.

Amakuru dukesha radiyo isanganiro amenyesha ko mu ntumbero yo gukingira ibiti n’amashamba ageramiwe muri bino bihe, umusore ariko arangiza amashure yiwe yakurikiranye ivyigwa bijanye no gukingira ibidukikije, Delphin Kaze yatanguje ishirahamwe KAGE ( Kaze Green Economy) rihingura amakara mu bitiritiri vy’ibigori.

Uwo musore asigura ko n’aho bigoye kuronka umutahe igihambaye n’uko ari ukwiga umugambi umuntu afise hanyuma agaheza akarondera abandi bantu bawukorana.

Nayo zimwe mu ngorane ngo abagize iryo shirahamwe bakunze guhura nazo hakaba harimwo kutagira ikibanza nyezina bakoreramwo uwomugambi, kubura umuyagankuba n’ibindi.

Mu myaka ibiri iryo shirahamwe KAGE rimaze ngo ryavuye ku biro 30 rija ku biro amajana atatu vy’amakara bahingura.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 226