5.5 C
New York
Tuesday, April 13, 2021
Home Akes Don Diamond Platnumz yatangajwe n'abari bamaze kuyiraba mu masaha makeya

Diamond Platnumz yatangajwe n’abari bamaze kuyiraba mu masaha makeya

Mu masaha 17 gusa, indirimbo The one ya Diamond Platnumz yarimaze kurabwa n’abarenga 1,000,000 ku rubuga rwa Youtube asanzwe asohorerako indirimbo. Ivyo bikaba vyamushitse ku mutima aho ataretse gushimira abamukurikirana aho yababwiye ko ata kindi afise yovuga atari ugushima.

Ubwo butumwa bw’ugushima bukaba bwashitse inyuma yaho atangariye kuko abantu mu masha 5 gusa bari bamaze gutangura gusohora ama Cover y’iyo ndirimbo, icerekana ko bamukurikiranira hagufi. Ikivyerekana s’ico gusa, ni nuko muri ayo masaha nyene abashika 500,000 bari bamaze kuyiraba ku rubuga rwa Youtube yari yasohokeyeko.

Iyo ndirimbo ikaba isohotse mu gihe uwo muririmvyi ariko akora ibiteramo bitandukanye hirya no hino kw’isi, akaba aheruka mu gihugu ca Oman.

Must Read

Rayvanny aseseye agafu Harmonize mu kuvuga ko yashatse kurya inkoko n’amagi...

0
Mw’isezerano rya kera ku basanzwe bemera Bibiliya, hari ahavuga ko ukwihora birekuwe, bati n’ijisho ku rindi, na Rayvanny nawe nivyo yaraye akoze ku rubuga...