homepagekirundipromotedTabac

Umugwi Everlasting life choir ugiye gushira ku mugaragaro album yawo ya mbere

Umugwi Everlasting life choir urongowe na Jackson, umurundi aba muri Reta zunze ubumwe za Amerika neza na neza mu gisagara ca Phoenix muri Arizona, uriteguriye gushira kumugaragaro album yawo ya mbere bataziriyeHii Dunia.

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 27 Ndamukiza umwaka w’2019, Umugwi Everlasting life choir urongowe na Jackson, umurundi aba muri Reta zunze ubumwe za Amerika neza na neza mu gisagara ca Phoenix muri Arizona, uriteguriye gushira kumugaragaro album yawo ya mbere bataziriye Hii Dunia. Iryo shirwa ku mugaragaro ry’iyo album yabo rikaba ritegekanijwe kuza kubera muri Arizona kuri aderese 7321 N 10th St guhera igihe c’isaha icenda z’umuhingamo gushika isaha zibiri z’ijoro ku masaha yo muri Arizona.

Umugwi Everlasting life choir ukaba uririmba indirimbo zihayagiza Imana “Gospel” ukaba ugizwe ahanini n’abarundi baba muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

Aganira n’ikinyamakuru Indundi, Jackson aramutswa uwo mugwi yatumenyesheje y’uko atari abarundi gusa bagize uwo mugwi yamara ko harimwo n’abakongomani eka ngo bakaba batinubana uwariwe wese abituye ashaka kwinjira muri uyo mugwi ngo bamwakiriza yompi bataravye igihugu avamwo canke urukoba rwiwe.

Kumvo z’uko abahurikiye muri uyo mugwi benshi ari abarundi babaye mu nkambi z’impunzi mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya imbere y’uko bungururiza muri Reta zunze ubumwe za Amerika, indirimbo bakunze kuririmba ngo ziba ziri mururimi rw’igiswahili yamara muri album izokurikira bategura kuzoshiramwo n’icongereza.

Album yabo ya mbere baza gushira ahabona uwu musi ikaba ngo igizwe n’indirimbo icumi zompi zikaba zaririmbwe mu rurimi rw’igiswahili.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 328