5.5 C
New York
Thursday, October 28, 2021
Homeabakinyi bakina hanzeUlimwengu Jules yaraye afashije Rayon Sports gutsinda As Muhanga

Ulimwengu Jules yaraye afashije Rayon Sports gutsinda As Muhanga

Umukinyi w’umusatirizi w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba Ulimwengu Jules abandanya yitwara neza mu gihugu c’Urwanda.

Kuri uyu wa Mungu igenekerezo rya 28 Ndamukiza umwaka wa 2019 , niho umugwi As Muhanga wari wakiriye umugwi Rayon Sports mu rukino rw’indwi ya 24 y’ihiganwa ryo mu Rwanda Azam premier league, urwo rukino rukaba rwarangiye Ulimwengu Jules afashije Rayon Sports Rayon Sports gutsinda As Kigali.

Akaba ariwe yatsinze igitsindo cambere ku munota wa 9 w’urukino asubira atsinda n’icakabiri ku munota wa 44 w’urukino , igitsindo ca gatatu kikaba catsinzwe na Seifu ku munota wa 73 w’urukino , mugihe igitsindo kimwe rukumbi catsinzwe n’uwitwa Niyongira Dany Ku munota wa 87 w’urukino .

Ulimwengu Jules akaba ariwe musatirizi afise ibitsindo vyinshi muri iryo higanwa ryo mu Rwanda aho yaciye akwiza ibitsindo 14 , agakurikirwa na Hakizimana muhadjiri wa APR FC afise ibitsindo 13.

Umugwi Rayon Sports ukaba wasigaye mu kibanza ca kabiri n’amanota 54 mugihe APR FC nawo waciye ufata ikibanza ca mbere hamwe n’amanota 57.

- Advertisment -

Must Read

SAT-B ngo yasabwe gukora arekane n’abavuga gusa

0
Abantu bahanuye Sat-b gukora gusumba kwishinga abavuga, ivyo bikaba bishikirijwe ku rubuga rwiwe Aho yariko amenyesha abantu ko Imana ariyo yamukuye mu bworo. uwo muririmvyi...