5.5 C
New York
Thursday, January 21, 2021
Home Burundi Intwazangabo mu giporisi yaraye yitavye Imana kumwe n'abasuma 2

Intwazangabo mu giporisi yaraye yitavye Imana kumwe n’abasuma 2

OPP1 Petero Nkurikiye, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza

Umukuru w’igiporisi muri komine Nyabihanga mu ntara ya Mwaro yaraye yitavye Imana co kimwe n’abasuma babiri bitwaje ibirwanisho bahitanwe n’amasasu mu mishamirano yariko iba hagati y’abo basuma bitwaje ibirwanisho hamwe n’abajejwe umutekano.

Amakuru dukesha abajejwe umutekano muri komine Nyabihanga y mu ntara ya Mwaro n’uko mw’ijoro ryo kuwa  1 buca ari kuri uyu wa 2 Rusama umwaka w’2019, umukuru w’igiporisi muri komine Nyabihanga OP1 Ndayikengurukiye Anicet yaraye yitavye Imana co kimwe n’abasuma babiri bahitanywe n’amasasu mu mishamirano yariko iba hagati y’abo basuma bitwaje ibirwanisho hamwe n’abajejwe umutekano.

Abo basuma bitwaje ibirwanisho bakaba bariko bagerageza kwiba umuntu azwi kw’izina rya Salvator ngo yari yagurishije inka.

Mu bushikiranganji bw’umutekano n’ugukinga ibiza bamenyesha ko ari abasuma bitwaje ibirwanisho bagera kuri batanu, babiri muri bo bakaba baciye bitaba Imana ubwo nyene abandi batatu barafatwa. Bompi uko ari batanu ngo bakaba bakomoka mu ntara ya Gitega.

Must Read

Abagizi ba nabi 3 berekanwe n’igiporisi c’Uburundi

0
Igiporisi c'Uburundi cerekanye kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 20 Nzero 2021, abagizi ba nabi bafadikanije n’umugore wa nyakwigendera kubwicanyi bwabaye mwijoro ryo kuwa 24...