5.5 C
New York
Tuesday, October 19, 2021
HomehomepageKigingi ataravye neza, umukunzi wiwe aramuca mu myanya y'intoke

Kigingi ataravye neza, umukunzi wiwe aramuca mu myanya y’intoke

Umukunzi wa Kigingi

Kigingi yaburiwe ngo akure umukobwa ubwiza bwiwe bwagereranijwe n’inzahabu mw’ibarabara, ngo amushire mu nzu.

Mu gihe yariko yipfuriza isabukuru nziza umukunzi wiwe Marina, Kigingi yahavuye yibirwa akabanga n’abakurikirana urubuga rwiwe rwa Facebook. Aho hari igenekerezo rya 1 rusama 2019.

Abakurikiranira hagufi ibikorerwa ku rubuga rwa Facebook rwa Mugenzi Alfred Aubin benshi bazi nka Kigingi bamubwiye ko yomera magabo ku mukunzi wiwe.

Photo @ 2018 | Kigingi arikumwe n’umukunzi wiwe

Kigingi akaba yahanuwe gukura mw’ibarabara uwo mukunzi wiwe noneho akamushira mu nzu, muri make akamutwara. Bakaba bashobora kuba bamuvuniye akagohe ko n’abandi bamuraba ryiza, ubona ko ubwiza bw’uwo mwigeme w’umurundikazi babugereranije n’ibuye ry’agaciro ritaboneka ahariho hose, inzahabu.

Mukibuka ko Kigingi yavuze ko yikundira abakobwa banini banini, kandi atari ivyavuba, ahubwo ngo ari ivya kera cane. Igituma ngo nuko bafise ivyiza vyinshi birimwo ukutagorana, ukutayerera, ukugira umutima mwiza n’ibindi.

- Advertisment -

Must Read

Meme Meili yavuze ku mafaranga yakoresheje muri “Arabesha”

0
Ya ndirimbo "Arabesha" ya Meme Meili ngo ntiyovuga ko Ariwe yayikoreye canke ngo Afise Management imufasha muri ivyo bikorwa vyiwe vy'umuziki, ariko ngo arafise...