Ikiziga ca Papy Faty ngo vuba kirashikanwa i Bujumbura

0
560

Ikiziga c’umuhisi Papy Faty umukinyi w’intamba mu rugamba ngo mu misi ya vuba bagiye kugishikana i Bujumbura.

Nk’uko vyashikirijwe n’uwo basanze bavukana igihe yariko aganira n’indudni Sports Iddy Faty yavuze y’uko atagisivya ikiziga ca mukuruwe Papy Faty kiza kubashikira mw’ijoro ry’uno musi wa gatandatu hama bukeye Imana ibishatse bace bacuriza indege bakizane i Bujumbura kumuhambana iteka.

Mwokwibuka ko Papy Faty yitavye Imana aguye mu kibuga igenekerezo rya 25 Ndamukiza umwaka wa 2019, aho umugwi yahora akinamwo Malanti Chiefs wariko uratana mu mitwe na Green Mamba mu rukino rw’ihiganwa ryo muri Swaziland.

Urupfu rwiwe rukaba rwababaje benshi bivanye n’uko yitangiye igihugu mugihe cose yaba ahamagawe kuza gufasha umugwi nserukira gihugu w’intamba mu Rugamba.