5.5 C
New York
Sunday, April 18, 2021
Home abakinyi bakina hanze Ulimwengu Jules yaraye afashije Rayon Sports gutsinda Police Fc

Ulimwengu Jules yaraye afashije Rayon Sports gutsinda Police Fc

Umukinyi w’intamba mu rugamba Ulimwengu Jules yabaye umwami w’ibitsindo mu gihugu c’Urwanda .

Ku mugoroba wo kuri uyu wa Mungu igenekerezo rya 04 Rusama umwaka wa 2019 , niho umugwi wa Police Fc ukinamwo umukinyi w’umurundi Hakizimana Issa wari wakiriye umugwi Rayon sports ukinamwo Ulimwengu Jules , urwo rukino rukaba rwaraye rurangiye Umusaiirizi w’intamba mu rugamba y’abatarenza imyaka 23 Ulimwengu Jules afashije Rayon Sports gutsinda Police Fc igitsindo 1-0 muri urwo rukino rw’indwi ya 26 y’ihiganwa ryo mu Rwanda Azam Premier League .

Ico gitsindo ca Ulimwengu Jules kikaba cinjiye ku munota wa 86 w’urukino akaba yaciye akwiza ibitsindo 17 muri iryo higanwa ryo mu Rwanda Azam Premier league; ninawe musatirizi wa mbere afise ibitsindo vyinshi.

Rayon Sports yaciye irara ifashe ikibanza ca mbere n’amanota 60 irusha Apr Fc ifise amanota 59.

Must Read

Ibibanza bizokwimurirwamwo abatewe n’amazi mu Gatumba vyamaze kuboneka

0
Urwego rw’igihugu rujejwe gukinga impanuka rufadikanije n’ubuyobozi bukuru bujejwe gutunganya ibisagara rumenyesha ko ibibanza vyo kwubakamwo amazu bigera kw'ijana na mirongo itanu bimaze gutegekanywa,...