5.5 C
New York
Monday, January 25, 2021
Home Comedies Intamba mu rugamba zigiye gutana mu mitwe na Aigle Noire

Intamba mu rugamba zigiye gutana mu mitwe na Aigle Noire

Umugwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba ngo ugiye gutana mu mitwe n’umugwi Aigle Noire mu rukino rwa kivandimwe.

Nk’uko biherutse gushikirizwa na Honorable Reveriyano Ndikuriyo asanzwe aramutswa ubuyobozi bw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi inyuma y’aho umugwi Aile Noire utsindiye Rukinzo FC mu rukino rwa nyuma rw’ihiganwa ry’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu, vuba uwo mugwi ngo ugiye gutana mu mitwe n’umugwi nserukiragihugu intamba mu rugamba mu rukino rwa kivandimwe.

Honorable Ndikuriyo akaba yashikirijeimbere y’abamenyeshamakuru y’uko urwo rukino rutegekanijwe kuzoba kw’igenekerezo rya 31 Rusama uwu mwaka, rukazobera ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Kwinjira kuzororera urwo rukino ngo akazoba ari amafaranga y’amarundi ibihumbi bitanu ku muntu uwariwe wese.

Must Read

Platini ngo aronse ah’aca Shaddy Boo Ubwiza bwiwe ntiyobwitesha

0
  Platini yigeze kuba ari muri Dream Boys ngo ntaho yohera yanka kugiriranira imigenderanire y’urukundo na Shadia benshi bazi nka Shaddy Boo. Ivyo akaba aheruka...