Diasporadiaspora eventsDiaspora OrganizationshomepagekirundiPrimusic2019Umusumawanajeshi kamili

Ishirahamwe rihurikiyemwo abarundi bose baba muri Amerika rigiye kuvuka vuba bwango


Abarundi bose baba muri Leta zunze ubumwe za Amerika bamenyesha ko bariko barisuganya hasi hejuru kugira barabe ko boshiraho ishirahamwe ribahuza bose iyo bava bakagera.  Ivyo twabimenyeshejwe   n’uwahoze arongoye ishirahamwe ry’abarund baba muri Leta ya ARIZONA ryitwa BAHO , umushingantahe Sammuel NDAYIRAGIJE akaba kandi  ariwe ari kw’isonga ry’abariko barategura gushiraho izo nzego.

Nk’uko nyene abandanya abimenyesha, ico gikorwa c’ugushiraho ishirahamwe rizoba rihurikiyemwo abarundi bose bari muri Leta zunze ubumwe za Amerika ngo ni intambwe ikomeye mu gikorwa c’uguhuza abarundi mu ntumbero y’uguhurikira hamwe bakagira urunani rw’intamenwa maze gutyo biciye mu twigoro tunyuranye n’Uburundi bukazohatorera akoyoko. Na kare ngo” Ubugirigiri bugira babiri” nk’uko ba Sokuru bayamaze bavuga.

Amategeko azogenga urwo rwego rero akaba yaratunganijwe ku buryo bw’imfatakibanza mu kurindira ko ahava akemezwa n’inama ya bose. (Assemblée Générale Constituante). Ayo mategeko rero mfatakibanza akaba yatunganijwe n’abantu batanu bava mu ma Leta anyuranye n’abo akaba ari aba :

  • Sammuel NDAYIRAGIJE
  • Alphonsine NDAYIKENGURUKIYE
  • Vincent NSABIMANA
  • Jean Claude NTIMPA
  • Jeremie NIYONKURU

Ibi rero bikaza bihura n’uko bigaragara ko Leta y’Uburundi yahagurukiye ibijanye n’abarundi baba hanze kuko ,inyuma y’ugushiraho amategeko abagenga (Politique de la diaspora) bigaragara ko hirya no hino abarundi iyo bari hose hariko harashirwaho amashirahamwe ahurikiwemwo n’abarundi, na kare abasokuru barayamaze ngo “Inyakamwe inyaga imwe”.

Aha twokwibutsa kandi yuko ivyo biriko biraba mu kiringo himirije kuba ihuriro ry’abarundi baba hanze rizobera i Burundi mu kwezi kw’indwi k’uwu mwaka nyene.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 583