5.5 C
New York
Friday, January 21, 2022
HomehomepagePrimus league : Abakinyi 11 baranze umwaka

Primus league : Abakinyi 11 baranze umwaka

Kuva kw’igenekerezo rya 10 Ndamukiza umwaka wa 2019, abamenyeshamakuru b’inkino baratoye abakinyi 11 baranze ihiganwa rya Primus league ry’umwaka wa 2018-2019, umukinyi akiri muto yaranze ihiganwa rya Primus league ry’umwaka wa 2018-2019 ndetse n’umumenyereza mwiza yaranze ihiganwa ry’ umwaka wa 2018-2019.

Abakinyi 11 baranze ihiganwa rya Primus league aka ari aba bakurikira :

1) Onesime Rukundo ( Messager Ngozi)
2)Ndaye Chancel ( Ndaye Chancel)
3)Chris Ndikumana (Musongati)
4) Muryango Moussa (Vital’O Fc)
5) Eric Ndizeye ( Musongati)
6) Mabano Shabani (Aigle Noir)
7)Olivier Dusabe( Vital’O Fc)
8) Youssuf Ndayishimiye Nyange ( Aigle Noir)
9)Kanakimana Bienvenue
10) Iddy Museremu ( Messager Ngozi)
11)Said Irakoze ( Musongati Fc)

Umumenyereza w’umwaka akaba ari Joslin Bipfubusa amenyereza Aigle Noir, umusatirizi afise ibitsindo vyinshi ndetse akaba n’umukinyi mwiza yaranze umwaka wa 2018-2019 akaba ari Kanakimana Bienvenue nayo umukinyi akiri muto yaranze umwaka akaba ari Ndizeye Aimé Fales akinira umugwi Aigle Noir .

Ibirori vyo gutanga ubwo bushimwe bikazoba igenekerezo rya 31 Rusama umwaka wa 2019, inyuma y’urukino rwa kivandimwe ruzoba ruriko rurahuza umugwi Aigle Noir watwaye ihiganwa rya Primus League ry’uyu umwaka n’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu hamwe n’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba .

- Advertisment -

Must Read

Abirengagizwa hano iwacu ngo si abava mu miryango ikenye gusa

0
Imwe mu myidogo hano iwacu mu baririrmvyi n'uko badashigikirwa kuko ata buryo bafise, ariko bwabundi ngo n’abitwa ko bavuka mu miryango yifise nabo nyene...