HomehomepageSaido Berahino yisiguye ku bihano yaraye afatiwe mu Bwongereza

Saido Berahino yisiguye ku bihano yaraye afatiwe mu Bwongereza

Umukinyi w’umusatirizi w’umurundi Saido Berahino ntiyakira neza ingingo yaraye afatiwe na sentare yo mu Bwongereza.

Kuri uyu wa kane waraye uheze igenekerezo rya 16 Rusama umwaka wa 2019, niho sentare yo mu Bwongereza yafatira ingingo umukinyi w’umusatirizi w’Intamba mu rugamba Saido Berahino yo kutagendesha imodoka mu kiringo kingana n’amezi 30 ndetse ahanishwa n’ihadabu ry’amapawundi 75000 mu marundi angana n’imiriyoni 250.

Saido Berahino abicishije kuri page Twitter yiwe yisiguye kuri ivyo bihano yaraye afatiwe akavuga y’uko yatewe n’abantu bari bitwaje imbugita kandi n’igiporisi ko cabibonye ndetse kiranafata amasanamu yakomeretse ndetse n’umupira wiwe wari watabutse akaba yaranakomeretse.

Berahino abndanya avuga y’uko igihe yaterwa n’abo bagizi ba nabi imboneshakure ziri mw’ibarabara ko zabifashe n’igihe bariko baraburana amasanamu ngo yarabonetse n’abamenyeshamakuru bari bahari barabibonye ari naco gituma ngo adatahura impamvu abacamanza batashoboye gukorera kuri ivyo vyemezo vyose bigaragara.

Saido Berahino akaba yitezwe i Bujumbura mu ndwi iza mu ntumbero yo kwitegurira inkino za CAN2019 zigiye kubera muri Egiputa mu kwezi kwa Ruheshi.

- Advertisment -

Must Read

Big Fizzo ngo n’abandi nibatumirwe

0
Uno musi impari ntizibuze ku buryo ibiteramo Big Fizzo aheruka gukorera ku mugabane wa buraya vyagenze, ariko kubwiwe ngo ibiteramo vyagenze neza cane. Mu kiganiro...