5.5 C
New York
Friday, April 16, 2021
Home homepage Intamba mu rugamba zigiye gutana mu mitwe na Algeria

Intamba mu rugamba zigiye gutana mu mitwe na Algeria

Umugwi nserukira guhugu w’intamba mu rugamba ugiye gutana mu mitwe n’umugwi wa Algeria mu rukino rwa kivandimwe.

Mugihe hasigaye imisi itarenga 10 kugira Umugwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba werekeze i Doha mu gihugu ca Qatar gukorerayo imyimenyerezo yo kwitegurira neza CAN 2019 igiye kubera muri Egiputa mu kwezi buca dutangura, hamaze kumenyekana y’uko uzovayo ukinye urukino rwa kivandimwe n’umugwi nserukira gihugu wa Algeria les Fennecs igenekerezo rya 11 Ruheshi umwaka wa 2019.

Intamba mu rugamba zikaba zizohaguruka zija i Doha igenekerezo rya 02 Ruheshi umwaka wa 2019 hama uvuye i Doha uzoca werekeza mu gihugu ca Tunisia gukina urundi rukino rwa kivandimwe nyene n’umugwi nserukira gihugu caTunisia hama uce ubona kwerekeza mu gihugu ca Egiputa mu mahiganwa ya CAN 2019 azotangura igenekerezo rya 21 Ruheshi umwaka wa 2019.

Intamba mu rugamba zikaba zifise urukino rukomeye “Intamba day” ruzozihuza n’umugwi Aigle Noir w’i Makamba igenekerezo rya 31 Rusama umwaka wa 2019 hano i Bujumbura isaha icenda 15h00 ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore .

Must Read

Différentes vertus du psaume 08

0
Améliorer la confiance, attirer  les clients vers ton commerce Pour retrouver la confiance en soi Pour avoir une faveur dans les transactions commerciales    Contre les maladies des...