5.5 C
New York
Tuesday, April 20, 2021
Home Entertainment Hagati ya B-Face na Fabelove hoba hagiye kuzokwaka umucanwa kundirimbo?

Hagati ya B-Face na Fabelove hoba hagiye kuzokwaka umucanwa kundirimbo?

Fabelove aragabisha B Face kundirimbo aheruka gusohora Passport ngo akaba yaratukanye ngo rabizi ko atakumwihanganira

Fabelove inyuma y’indirimbo I’m Sorry yakoranye  na Linah Blanche avuga ko mu gihe yoheza kumviriza neza indirimbo Passport iheruka gusohorwa n’umuririmvyi B-Face ko azoca agira ico abivuzeko ngo niyahura yaratukanye ngo umuriro uzimwa n’uwundi, nayo niyahura yaririmvye ahayagaza Imana nawe azomufasha kuyitazira.

Eka uwo muririmvyi Fabilove kamiligado nyene aranagaruka akindogera abajejwe gutunganya ihiganwa rya Primusic ry’uyu mwaka kuba barakumiriye abakora umudiho wa Hip Hop nk’uko babibonye mu myaka yaheze rimaze gutunganywa ngo bokwikubita agashi bakabura baza bashiramwo n’umwe muba ambassandeur nahonyene bataravye nkunzi guko hari n’abawukora nabi ivyowe yita kobafashwa na bamwe bamwe bakibaza ko aribo bawushoboye naho shwi.

Akaba yiyongereye ku bandi ba Rapeur nka Magic kingorongoro hamwe na B-Face mugutera akamo ishirahamwe Brarudi risazwe ritunganya iryo higanwa.

Mwomenya ko uwo muririmvyi igihe B-Face  yasohora indirimbo Ibirikumutima, B Face akavuga aba Rapeur bagiziwe mukubifatira mugahanga yaciye aja mugikoni akora indirimbo yise Dogo.

Must Read

Rukinzo yatakaje inkino zibiri za mbere muri Tuniziya.

0
Igihugu ca Tuniziya nico kiriko gitunganya ihiganwa rikomeye rya CAVB rihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyabo kuva kw'igenekerezo rya 16 gushika kurya...