Ku ndirimbo zitarinke zakunzwe Miss Erica agiye kuryohera abakunzi biwe mw’ihiganwa rya Primusic kuri ino ndwi igira kabiri ihiganwa rya primusic ritanguye
Umuririmvyikazi Belle9ce Ingabire inyuma yo kumara indwi ya mbere yose ari mwihigana rya primusic ubu yasubiriwe n’uwundi mwigeme uwo nawe si uwundi ni umuririmvyikazi Miss Erica akaba arinawe agiye kuba umu ambassadeur mw’ihiganwa rya primusic kuri ino ndwi igira kabiri.
Ihiganwa rya Primusic rikaba ryatanguriye mu ntara ya Cankuzo kuri uyu wambere uheze, igenekerezo rya 27 Rusama. Miss Erica aka rero agiye kuba umu ambassadeur mu ntara zine arizo Cankunzo, Ruyigi, Karusi hamwe na Gitega.
Kumakuru duhabwa n’abegereye iyo Label isazwe yarimwo abandi b’igeme babiri aribo Belle9ce hamwe na Clemantine Kavy, uwo muririmvyikazi ngo agiye kwinjira muri Label ya Empire Avenue.
Miss Erica akaba yahora muri Label yo mu gihungu kibanyi c’Urwanda ariko gushika ubu tukaba tutaramenya ko yoba yarayivuyemwo canke akiyirimwo bivanye nuko impande zose zitarashima kubishira ahabona haba Label yomu Rwanda yahoramwo co kimwi n’iyo agomba kw’injira ubu isazwe irongowe na Bizimana Aboubakar azwi cane nka Sat-B.

Mwomenyako kuri uno musi inenekerezo rya 28 Rusama yavyifashemwo neza kuri Podium muntara ya Cankuzo kuncuro yambere atanguye kuba amabassadeur kuri ino ndwi ya kabiri ritanguye.