5.5 C
New York
Saturday, April 10, 2021
Home Entertainment YKEE BENDA umuganda agiye kuza guteramisha abanya Bujumbura

YKEE BENDA umuganda agiye kuza guteramisha abanya Bujumbura

YKEE BENDA  i Bujumbura ku butumire bwa mugenziwe w’umuririmvyi Masterland agiye kugaragara i Bujumbura mu giteramo.

YKEE BENDA umuririmvyi w’umuganda akaba n’umwanditsi w’indirimbo nyinshi zakunzwe  cane aha iwacu aho twovuga nk’indirimbo  MUNAKAMPALA n’izindi, agiye kuza kwifatanya na mugeziwe Masterland mu guteramisha abanya gisagara ca Bujumbura.

Umuririmvyi Masterland mugushira ahabona urukurikirane rw’indirimbo rwambere abicijishe mu giteramo yitiriye EGO Concert yashimye gushiramwo abaririmvyi batandukanye haba abarundi n’abanyamahanga abarundi bazomushigikira kuri urwo rubanza yimirije itariki 23 Ruheshi, aho azoba ashira ahabona Album yiwe ya mbere kuva atanguye urugendo rwiwe rwogusohora indirimbo akaba  azoba arikumwe n’abarundi nka Sat-B, Vichou P6, Double Jay na Dr Claude.

Igiteramo kizobera kuri Lacotsa Beach kikaba ari igiteramo categuwe na MasterMuzik, Bukivu Live Nation, barikumwe na The Fighter Production ukwinjira akazoba aramafaranga ibihumbi bitatu (3.000Fbu) mu kibanza gisanzwe nayo mu kibaza c’iteka VIP ni amahera ibihumbi cumi gusa (10.000Fbu).

Mwomenyako abaririmvyi babaganda bariko bagaragara cane mu biteramo i Bujumbura, YKEE BENDA agiye kuza inyuma ya mugenziwe Sheebah Karungi yaheruka kugaragara mu gisagara ca Bujumbura ariko arateramisha abanyagisagara ku butumire bw’abarongoye Cristal Event.

Must Read

Les Jumeaux Music Club : Apprendre comment devenir boss de soi-même

0
Au moment où le marché du travail devient de plus en plus rare et que certains lauréats des universités tant publiques que privées gardent...