Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yaraye agendeye abakinyi b’intamba mu rugamba abasanze ku kibuga aho bariko barakorera imyimenyerezo.
Kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 29 Rusama umwaka 2019 igihe c’isaha icumi z’umuhingamo ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore niho Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yakirwa n’uwusanzwe atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Honorable Réverien Ndikuriyo aho yabasanze bari mu myimenyerezo.
Nyenicubahiro umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akaba yari yaje kubakeza ku kigorwa ciza bakoze c’ukuronka uburenganzira bwo kwitabira ubwa mbere inkino za CAN2019 zigiye kubera muri Egiputa muri uku kwezi kwa Ruheshi buca dutangura.
Ahejeje kwifotozanya n’abakinyi b’intamba mu rugamba hamwe na Staff yose, Nyenicubahiro umukuru w’igihugu cacu yaronkeyeho n’akaryo ko kurorera imyimenyerezo y’iminota ishika kuri 20 yariko ikorwa n’abo bakinyi.
Mwokwibuka y’uko Nyenicubahiro umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ari umuntu asanzwe akina umupira w’amaguru akongera akanawukunda.